×




Barundi, barundikazi mwavyaye  mugaheka, rwaruka, bibondo  muri mu mahanga, 

Turabaramukije : mugire amahoro n’amagara meza mu ngo zanyu.

Twashaka muri rino jambo tubamenyeshe ko twihaye ihangiro ryo kwigisha abana banyu, aribo bacu  ikirundi kuva ku bafise imyaka itandatu n’iyirenga.

Intumbero nyamukuru nuko  dutegerezwa kugumana  akaranga kacu naho turi mu mahanga, kuko utaye akaranga, uba utaye ubuntu.  Kanatsinda basokuru barayamaze bati : inkware isesa muhira, agatima kari mu mwonga.

Mu biranga ako karanga, ururimi twonse ruza imbere kuko nirwo ruduhuza Abarundi bose. Nirwo kandi rutuma tumenya  imico kavukire, tukaguma kandi tuvugana nabo twasize i Burundi. 

Iyo umwana yavukiye,canke yakuriye mu mahanga agiye kuramukanya i Burundi, birababaje  cane iyo adashoboye kuganira na Sekuru , na  inakuru, canke benewabo batazi izindi ndimi. Bose bagumana agahinda, bigatuma batanezegwa cane no gusubira kubonana kubera batumvikana mu kiyago.

Twigisha rero abana kuva ku myaka itandatu kuduga, kugira bamenye kuvuga ikirundi, kugisoma no kucandika, eka n’amayagwa bayavuge.

Dutangura kwigisha ikirundi  gikoreshwa  kenshi : kuramukanya, gushima,  kumenya abo mu muryango ingene bitwa, ibihimba vy’umubiri,  ibikoresho vyo mu nzu , kumenya guharura, kumenya imisi  n’amezi ingene  yitwa, n’ibindi.

Ivyo bigatuma   mu muryango, mu mibano, kw’ishuri ,mu nkino , urwaruka rwacu rushobora kuyaga, kuganira mu kirundi n’urunganwe n’abakuze , bakabacira n’umugani, bakaharonkera n’icigwa n’indero runtu,  indero kavukire.

Mu nyuma , turigisha  indimburo, indongoramvugo n’ibindi vyotuma umuntu ashobora gusoma , agategera igitabu, canke ikinyamakuru canditswe mu kirundi, akumviriza imvyino, indirimbo ziri mu kirundi, akaryohegwa n’umuziki, n’amajambo meza arimwo . 

Bavyeyi, turabateye rero akamo , muhimirize abana banyu banyarutse kwiyandikisha, mukuzuza urupapuro ,tubarungikiye. Kandi mugume muvugana ikirundi muhira, kugira mukibakundishe, mwongere mwunganire inyigisho bahabwa.

Nimwabikora  akarusho mu bana banyu, mu miryango eka no ku Gihugu muzoba mubibona, duhimbagwe  no kuvuga  ururimi rwiza twarazwe na basokuru na basokuruza. Tugendere imico n’akaranga vyubatse Uburundi bwa nyaburunga.
Murakoze !


Pr Charles Nditije;