Hymne de la DBB

janvier 10, 2020 DBB No comments exist

R: Nshigikira nanje ngushigikize Diaspora,nkurikira nanje ngukurikize diaspora*2

1:Abarundi baba mumahanga ahitwa mu bubirigi, bagize ishiramwe ryitwa Diaspora,nishirahamwe ryishinze imigambi ya diaspora,ryisunze intumbero nibikorwa vya diaspora,muguha amahigwe abana bavukira mububirigi,kugira nabo bamenyakaranga kabo hambere,bazogumana imico myiza kuko diaspora,ikora ibikorinka mukubaha indero kavukire..kuganirira abarundi baba mububirigi kuvyerekeye imibano myiza niterambere…

 

R: Nshigikira nanje ngushigikize Diaspora,nkurikira nanje ngukurikize diaspora*2

2.Ugufashanya kwabarundi baba mububirigi,kuvyerekeye imanza nibindi bikorwa,umubano mwiza wabarundi baba mububirigi, uzotuma bamenya yuko Uburundi bubakeneye, indero nziza y’ababrundi baba mububirigi, izotuma abarundi bagumana iteka bafise,imigambi yose yofasha Uburundi mwiterambere, abagira neza b’Uburundi nabo bakabimenya,kugira izontumbero ziranguke ni diaspora, izokoranya amashirahamwe mububirigi,erega ngo akanyoni katagurutse diaspora ,ntikamenya iyobweze diaspora,ntarataze aruta mbundare diaspora,kandi ngo imiti ikora ikoranye diaspora…

R: Nshigikira nanje ngushigikize Diaspora,nkurikira nanje ngukurikize diaspora*2

3. Hangama tsimbatara kundwa, ramba shigikirwa menyekana…

Kaze barundi muri diaspora ehe imiryango iruguruye muri diaspora

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *